Items related to URUGENDO RUGANA UBURUNDI BW'ISEZERANO (Kirundi...

URUGENDO RUGANA UBURUNDI BW'ISEZERANO (Kirundi Edition) - Softcover

Rukundo PhD, Dr Levi

 
9780359820641: URUGENDO RUGANA UBURUNDI BW'ISEZERANO (Kirundi Edition)

Synopsis

Abarundi ntibazokwama bicana uko imyaka itashe. Ntibazama bakurakuranwa guhunga igihugu cabo kandi nti bazama mu bukene, inzara n'urwanko barementanirizanya. Ikibazo c'Uburundi gihagaze ku kumenya ingene twotabaza Imana y'ukuri, Imana atari imana zo muvyiyumviro vy'abantu canke amadini. Ikibazo ni ingene twoshikira Imana yumva, ikavuga kandi igakora. Aha tworema kuko twarabonye inzira yo gushikira ya Mana yavuganye na Aburahamu wa munsi ikamuha isezerano, ya yindi yahamagara Mose iri mu gihuru caka kidatongongoka ha handi mu bugaragwa ikamuha gukura ihanga yitoranirije mu gihugu ca Egiputa, ya Mana yavuganye na Gidiyoni muri ca gitondo ikamuha ikimetso co gutsinda amahanga, irya Mana nyene yahamagaye intumwa Pawulo muri ya nzira ija i damasiko, ikamuha gutanguza ikanguro kw'isi yose. Iyo niyo Mana twavuganye nayo ikatubwira yuko iduhagurukije ngo tukagende nk'Ihanga ryayo rigana igihugu c'Uburundi bw'Isezerano.

"synopsis" may belong to another edition of this title.